Urugo rwa Gabriel Rufyiri rukikujwe n’abaporisi

Urugo rwa Gabriel Rufyiri rukikujwe n’abaporisi

Urugo rwa Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, rwazindutse rwugarijwe n’abaporisi benshi.

Ivyo bikaba vyashitse mu gihe uwo mukuru wa OLUCOME yari yamenyesheje ku munsi w’ejo igenekerezo rya 15 Mukakaro, ko agiye kwisonzesha iminsi ibiri, kandi agire n’urugendo ari wenyene, mu ntumbero yo gusaba kumenya ukuri ku bantu bafise amatungo adasiguritse.

Muri urwo rugendo yari gutangura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Mukakaro, Rufyiri yarungikiye ikete umukuru w’igisagara ca Bujumbura, aho yamumenyesheje ko agiye gutangura urugendo rw’amahoro, ari wenyene, kuva kuri uwu wa gatatu, gushika kuwa kane igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Gabriel RUFYIRI yamenyesheje umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko ico amusaba ari abamucungerera umutekano gusa. Iryo kete kandi rikaba ryari ryanarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Tukabamenyesha ko Gabriel Rufyiri muri urwo rugendo rwiwe, avuga ko yari kuba yitwaje inzandiko n’amashusho bigizwe ahanini n’ibibazo bibiri bitegerezwa kwishurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, ivyo bibazo navyo akaba ari : "Nutubwire iyo wakuye ubwo butunzi bwawe (D’où as-tu tiré ta richesse)", hamwe na "Amagorwa mfise azohera ryari ? (Jusqu’àquand la fin de ma misère).


Nombre de visites: 444 - Article redigé le 6/08/2014 à 12:24