OLUCOME iriyamiriza itagisi rishasha ry’ugutumatumanako amakuru

OLUCOME iriyamiriza itagisi rishasha ry’ugutumatumanako amakuru

Mw’ishirahamwe OLUCOME bariyamiriza ingendo Reta yihaye yo kwongereza buri gihe amafaranga yo kubaho kwayo kwa minsi yose, mu gihe umunyagihugu muto muto abandanya atubitse uwavubi. Kubwa Gabriel Rufyiri, ivyo vyerekana ko Reta ishaka kubaho hejuru y’uburyo ifise, aho gushira ubwo buryo mu migambi y’iterambere yotuma umunyagihugu yisununura.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 21 Munyonyo, Gabriel Rufyiri avuga ko bandikiye inama nshingamateka bayisaba kuraba ingene yokosora utunenge avuga ko twibonekeza mw’integuro y’itegeko ry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2015, aha ni nk’ivyerekeye itagisi rishasha rijanye n’ivyo gutumatumanako amakuru, utunenge mu vyerekeye amafaranga Reta ikoresha mu kubaho kwa minsi yose, uturusho tw’umurengera n’ibindi vyinshi.

Gabriel Rufyiri akavuga ko ahanini batewe impungenge n’ukubona buri gihe Reta ihamagarira abanyagihugu gutubika umukanda kandi nayo buri mwaka yama yongereza amafaranga izokoresha, aho usanga mbere amafaranga yo kubaho kwayo kwa minsi yose arenga kure niyo amafaranga ashirwa mu migambi. Ivyo rero bikababaza ishirahamwe OLUCOME, mu gihe ayo mafaranga aba ari imyenda Reta ifitiye yaba igihugu canke amakungu, ayandi nayo aba yavuye mu makori n’amatagisi nk’uko, Gabriel Rifyiri abandanya abishikiriza. Aho ni mu gihe Reta itegekanya gukoresha amafaranga yo kubaho kwa minsi yose angana imiriyaridi 756,6 mu mwaka w’2015, mu gihe muri uno mwaka bazokoresha imiriyaridi 709,8 kuyategekanywa gukoreshwa yose hamwe arenga 1500, nk’uko Gabriel Rifyiri abandanya abishikiriza.

Gabriel Rufyiri ahamagarira abanyagihugu kwiyamiriza itagisi rishasha rigiye gushirwaho, aho ivyo gutumatumanako vyadugijwe ku mafaranga 42 ku munota, ni ukuvuga ibice 500 kw’ijana. Gabriel Rufyiri akavuga ko Reta yari ikwiye kurabira ahandi yokura ayo mahera kanatsinda iterefone si igikoresho c’abantu bifise ahubwo n’igikoresho c’akazi.

Ishirahamwe OLUCOME rihamagarira abanyagihugu, abanyamigambwe hamwe n’abashingamateka, kwiyamiriza ivyo bintu vyose bituma Reta iguma ishaka kununuza umunyagihugu asanzwe akenye.


Nombre de visites: 414 - Article redigé le 21/11/2014 à 14:20